1
Ni heh' abizera bazajya kuba ?
Mur'iyi si nta ho tuzakirira.
Nta hantu hatagerwa n'umubisha :
Ibibi nta hantu twabihungira.
Nta ho, nta ho, mw isi nta ho;
Mw ijuru ni hw i wabo w'abizera.
2
Tuzimuka mw isi, tuger' i wacu;
N' aheza twubakiwe n'Umukiza.
Ku Mana yacu,har' amazu menshi
Yubakany' isuku tutarabona.
Ni ho, ni ho, ni hw i wacu;
N'ubuturo bwiza tuzahoramo.
3
Yesu ni W' ugir' amahoro meza;
Urupfu n'ibyago ni W' ubitsinda.
Abashak'ubugingo budashira
Ni mumwizigire azabarengera.
Muze mwese, dushengere;
Mw ijuru, tuzimanan'Umukiza.